Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Naho inkuru zaguma zicanacanako zinemeza ko abapolisi b’uBurundi bari muri Centre Africa  bagira birukanwe kubera ibibazoike  vya polite uBurundi bumazemwo imisi ,Inama nkuru y’umutekano kw’isi Onu yafashe ingingo yo kutirukana aba polisi bari mugikorwa co gucungera amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrique mu murwi wa MINUSCA ariko imenyesha ko  mu kwezi kwa Nyakanga iyo ngingo izosubira kwiga ndetse ko aba bapolisi b’uBurundi bashobora kuca birukanwa.

Gusubiriza aba bapolisi ngo yoba ariyo mbarutso yo gushaka kwirukanwa kwaba ba polisi kuko batinya kwabazohava barungikwa gusubirira abazoba bahejeje ikiringo cabo muri centre Africa kwazoba ari mubasanzwe bagirizwa amabi mu ryane za politike zimaze igihe mu Burundi.

Kuruhande rw’uwusanzwe aserukira uBurundi muri ONU bwana Amb.Albert Shingiro yahakanye ayo makuru ndetse anemeza ko atangingo irasohogwa n’ubumwe bwa ONU yo kwirukana aba polisi b’uBurundi basanzwe bari muri Centre Africa.

s

Amajambo y’uwusanzwe aserukira uBurundi muri ONU Albert Shingiro kuri twitter

Tubibutse ko mugihugu ca  Centre Africa hasanzwe habarizwayo imice ibiri y’abapolisi b’uBurundi ,aho bose hamwe bagera kuri 273 ,ndetse benshi muribo bakaba basanzwe bakorera ibikorwa vyabo mugice  ca Bangui aho basanzwe bacungera inzu za Minusca .


Categories: Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply