Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 21 ntwarante 2016 ,Abanyeshure bo muri kaminuza y’uBurundi basanzwe bakorera ibikorwa vyabo mu kigo giherereye iKiriri bazindutswe bugarijwe n’inzego zijejwe umutekano mu ntumbero yo gusaka ibigwanisho murico kigo ca Kaminuza y’uBurundi.

Naho iri sakwa ry’ibigwanisho atakigwanisho nakimwe  cigeze cerekanwa ko coba cafatiwe murico kigo ca kaminuza ,bamwe mu banyeshure bo ngaho murico kigo c’iKiriri baratewe umutima uhagaze niryo sakwa ry’ibigwanisho ndetse bamwe bakaba bafise ubwoba ko hoba hari ibindi vyishishije inyuma yiryo sakwa ry’ibigwanisho murico kigo.

Iri sakwa ry’ibigwanisho murico kigo c’ikiriri ryabaye inyuma yaho ,abasuma bitwaje ibigwanisho binjiriye mu kigo ca Kaminuza co Kumutanga bakiba bimwe mubikoresho vyabanyeshure harimwo zamudasobwa (computers) hamwe n’amafaranga .

ishusho y'ikigo c'ikiriri

ishusho y’ikigo c’ikiriri

Tubibutse ko ribaye iryambere hakozwe isakwa ry’ibigwanisho mu kigo ca Kaminuza kuva uBurundi bwinjira mu ryane za Politike ndetse ubu mu  bigo vya kaminuza umutekano ukaba warongerejwe bimwe biboneka kuko ubu kugira winjireyo bisaba umwidodndoro ukwiye nico ugiye gukorayo eka mbere n’abanyeshure bahiga basigaye basabwa ikarata ibaranga kugira binjire murico kigo.

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Leave a Reply