Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yigihe kitari gito reta zunze ubumwe za Amerika isavye ko bamwe mubakozi bayo badafise ico bakora gikenewe cane mubuserukizi bw’ico gihugu buri iBujumbura hamwe n’abanyagihugu babo babarizwa ibujumbura ko bosubira iwabo kubera umutekano wari wifashe nabi ,reta zunze ubumwe za Amerika yaraye yongeye kumenyesha abanyagihugu bayo ndetse n’abahora bakora murubwo buserukizi ko  bogaruka mu Burundi kubera ko biboneka neza kw’ umutekano watanguye kugaruka mugisagara ca Bujumbura.

Iyi ngingo yo gusaba abanyagihugu ba reta zunze ubumwe bwa Amerika gusubira iwabo yari yasohowe igenekerezo rya 13 kigarama 2015,inyuma y’ubwicanyi bwabereye mugisagara ca Bujumbura bigahitana abantu bagera kuri 87.

Mu rwandiko ubuserukizi bwa reta zunze ububwme bwa Amerika yasohoye kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 11-z’ukwezi kwa ntwarante ,ubu buserukizi bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika bwasavye abari bajanwe mu gihugu cabo ca reta zunze ubumwe bwa Amerika kugaruka mu Burundi.

Reta zunze ubumwe za Amerika zabandanije zisaba ko abanyamerika boba bipfuza kuja mu Burundi basabwa gukurikiza ibivugwa mu binyamakuru no gukurikirana ibirangamisi vy’indege zija mu Burundi no kuraba amakuru atangwa n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika iri iBujumbura ajanye n’umutekano babicishije kurubuga rwa Internet.

Naho iyo ngingo yafashwe n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika ,ubuserukizi bw’ico gihugu casavye abakozi baco hamwe n’abanyamerika baba mu Burundi kudatemberera muramwe mu ma karitiye y’igisagara ca Bujumbura mu masaha y’umugoroba.

Aya ma karitiye yabujijwe kujamwo abanyagihugu ba reta zunze ubumwe bwa Amerika baba mu Burundi ni cane cane amakaritiye yabayemwo ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza harimwo , Musaga, Ngagara, Mutakura, Cibitoke , Nyakabiga na Kamenge.


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply