Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe isi yose yazindutse itanganza inkuru y’abanyamakuru babiri mpuzamakungu bakorera ibikorwa vyabo mu Burundi bari bahagaritswe n’inzego z’igipolisi ,amakuru yo kw’izerwa ava mubiro vy’ubuserukizi bw’ubufaransa mu Burundi yemeza ko aba bamenyesha makuru 2 barekuwe inyuma yo kwumvirizwa n’umucamanza mukuru wa Repuburika.

Nkuko vyari vyatangajwe n’icegera c’umuvugizi w’igipolisi yari yamenyesheje ko aba babiri bafashwe bafatiwe munzu yatowemwo igikoho gisanzwe gikoreshwa mukurasa ama Obus .

Aba bari bafashwe yari Jean Philippe Remy ashinzwe Afirika ku kinyamakuru Le Monde co mu Bufaransa, ikinyamakuru akorera kikaba cari camenyesheje ko yari mu butumwa bw’akazi mugihe uyundi yari yafashwe yari Phil Moore,umunyamakuru ufotora  asanzwe afise inkomoko y’Umwongereza.

Amakuru abandanya ava mubutungane amenyesha ko naho aba babiri barekuwe batswe bimwe mubikoresho basanzwe bakoresha umwuga wabo ndetse bakwa n’ivyangombwa bibaha uburenganzira bwo gukorera mu gihugu c’uBurundi.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply