Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho Me Bernard Maingain umwe mubashingwamanza bakomoka mu gihugu c’uBubirigi ashiriye ahabona imwe mu ma sanamu yerekana ubwicanyi ngo buriko burabera mu Burundi ,ariko munyuma bikaza kumenyekana ko iyo sanamu ( Video) itafatiwe mu Burundi nkuko yari yavyemeje ,abanyagihugu bo mur Ntara ya Karusi vyari vyavuzwe kwariho yafatiwe bazindukiye mu mabarabara.

Naho  Me Bernard Maingain  yazindutse asohora ugwandiko rwemeza ko iyo sanamu itafatiwe mu Burundi ,abanyagihugu bo mu ntara ya Karusi  bobo ntibashizwe kuko bazindukiye mu mabarabara mu ntumbero yo gusaba ubutungane  yo kwiyamiriza ibara baraye bambitse no gusaba ubutungane kubarenganura.

Imwe mu masanamu yabari mumyiyerekano

Imwe mu masanamu yabari mumyiyerekano

Muraka gatondo ko ku wagatanu itariki 15 nzero 2016 ,Abanyagihugu bo mu ntara ya Karusi bazindukiye mu myigaragamvyo aho basaba ubutungane gukurikira abo bose bagize uruhara mukwagiriza intara yabo ko boba aribo bakoze ubwo bwicanyi .

Mumajambo bagenda bararirimba mwibarabara ndetse nayo bari bafise kuvyapa vyabo ,abenshi bagenda basaba ko Me Bernard Maingain yokurikiranwa n’ubutungane mugihe abandi basaba Me Bernard Maingain n’imboneshakure y’ubufaransa France3 ko yoja muriyo Ntara ikerekana ivyo binogo bihavyemwo abantu.

Abari muriyo myiyerekano bari bafise ivyapa biriko amajambo atandukanye

Abari muriyo myiyerekano bari bafise ivyapa biriko amajambo atandukanye

Tubibutse ko reta y’uBurundi yamaze gutangaza ko igiye gukurikirana mu butungane Me Bernard Maingain hamwe n’imboneshakure France3 yo mugihugu c’uBufaransa.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply