Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’ingingo  y’ubumwe bw’ibihugu bwa Africa (AU) yo gushaka kurungika abasirikare bangana  n’ibihumbi 5000 mu Burundi ,muntumbero yo kuza gucungera umutekano wabanyagihugu ,bamwe mu banyagihugu basanzwe bashigikiye uButegetsi bavuga ko bitoreye  bavuye hasi kugira biyamirize umuzo w’izo ngabo mva makungu ku butaka bw’uBurundi.

Abanyagihugu bo mumihingo yose y’igihugu ,mu ntara zose z’uBurundi basa naho biyamirije umuzo wizo ngabo mvamakungu ,ndetse bakaba bakoze ico gikorwa barongowe na zimwe mundongozi nkuru z’igihugu.

Icegera c’ambere c’umukuru w’igihugu bwana Sindimvo Gaston  arikumwe n’abanyagihugu bo muntara ya Bujumbura maire hamwe n’abandi baje bava muri bujumbural rural bihaye amabarabara y’igisagara ca Bujumbura aho bari bafise ivyapa vyanditseko amajambo yo kwiyamiriza izo nzego mpuza makungu.

Icegera cambere c'umukuru w'igihugu  bwana Gaston Sindimwo mu ntara ya Bujumbura

Icegera cambere c’umukuru w’igihugu bwana Gaston Sindimwo mu ntara ya Bujumbura

Kurundi ruhande ,mu ntara ya ruyigi ,icegera cakabiri c’umukuru w’igihugu bwana Joseph Butore yifadikanije n’abanyagihugu bintara ya Ruyigi bazunguruka igisagara ca Ruyigi basaba ko izo nzego mpuza makungu z’ubumwe bwa Africa zitohonyora mu Burundi.

Icegera cakabiri c'umukuru w'igihugu bwana Joseph Butore mu Ntara ya Ruyigi

Icegera cakabiri c’umukuru w’igihugu bwana Joseph Butore mu Ntara ya Ruyigi

Ibi bibaye inyuma yaho ,ubumwe bwa Africa busabiye   reta y’uBurundi ko bobaha uruhusha kugira burungike abasirikare bashika 5000 kugira baze gucunga umutekano wabanyagihugu vyavuga ko wari ubangamiwe  n’abari bajwe kuwucunga,ndetse bikaba vyari bitanguye kuvugwa ko hoba hatanguye ubwicanyi bushingiye kumoko na cane cane mugisagara ca Bujumbura.

Naho ico cemezo cari camaze gufatwa n’ubumwe bwa Africa ,abatagetsi ba Bujumbura ntibigeze bashira mugutwi kwabo iyo ngingo kuko baciye bihuta bakoranya inama nshinga mateka hame na nkenguza mateka kugira bige ico kibazo ,ariko baza guheza bafashe ingingo ko atabasirikare mppuzamakungu bipfuza kubutaka bw’uBurundi.

Ibi vyo kwiyamiriza umuzo wizo ngabo bibaye inyuma y’imisi ibiri gusa kugira ibiganiro bizohuza ubutegetsi bwa Bujumbura hamwe n’abatavuga rumwe nabo ngo bitangure,ibi biganiro bikaba binategenijwe gutangura itariki 28 kigarama mugihugu ca Uganda.

Mugisagara ca Ngozi hakaba ariho hibonekeje abantu beshi cane

Mugisagara ca Ngozi hakaba ariho hibonekeje abantu beshi cane

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply