Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abapolisi hamwe n’abasirikare  babarundi  basanzwe babarizwa muri Republique Centre Africain mugikorwa co kubungabunga amahoro n’umutekano muri MUNISCA  barashimagizwa cane n’abanyagihugu basanzwe bari mu duce izo ngabo z’igipolisi zikoreramwo ndetse bamwe bahisemwo gushira ama bendera y’igihugu c’uBurundi kumabarabara hamwe no kuma Butike(Boutique )yabo basanzwe bacururizamwo.

Nkuko biri mu masanamu yafatiwe murico gihugu ca Republique Centre Africain  aho babaza abanyagihugu kunyifato yabajejwe kugarukana amahoro n’umutekano murico gihugu ,abanyagihugu bashimagije cane bikomeye abapolisi  n’abasirikare b’abarundi bari muri Republique Centre Africain kugarukana amahoro n’umutekano kuko mu bice bakoreramwo bakora umwuga wabo neza cane ndetse bigashimwa na bose.

Vyiganwa n’abamwe mu banyagihugu basize amabendera y’igihugu c’uBurundi ku mazu y’ubucuruza yabo bamenyesheje ko gushira aya mabendera kumazu yabo canke kumabarabara ari ugushaka kwereka isi yose ko ingabo zisanzwe zibungabunga amahoro n’umutekano z’uburundi muri republique centre africain ko zikora umwuga wabo neza ,zikanakingira umunyagihugu nkuko biba bikwiye.

Aba banyagihugu nyene babandanije banamenyesha ko, iyaba vyoshoboka bokwubaka igishushanyo c’umukuru w’igihugu c’uBurundi  Petero Nkurunziza ,murico gihugu kubera biboneka neza kw’intwaza ngabo abarungikira ziba zifise ishaka ryo gukingira abanyagihugu.

Kuruhande rwa  Général Balla Keita asanzwe ari nawe ari umukuru w’ingabo za MUNISCA(Mission multidimensionnelle intégrée des Nations unies pour la stabilisation en Centrafrique) nawe aremeza ubwitonzi n’ubukerebutsi buranga abapolisi  n’abasirikare b’uBurundi basanzwe babarizwa muri Republique Centre Africain .

Aha twobibutsa ko uBurundi ari kimwe mu bihugu bitaragirizwa ko ibapolisi baco bari muri Republique Centre Africain boba barenga  ku mategeko y’inama ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi ONU ajanye nihohotera ry’ikiremwa muntu rifatiye kugitsina mugihe  abapolisi b’ibindi bihugu bagenda bagirizwa gusambanya abana bakiri bato hamwe no gufata abakenyezi ku nguvu ndetse bikanatuma ibihugu bimwe bimwe bica bitakaza ikibanza murico gikorwa co kubungabunga amahoro n’umutekano murico gihugu  ca  Republique Centre Africain.

Ibi rero vyo gufata kunguvu no gukoresha imibonano mpuzabitsina abana bakiri bato vyatumye ishirahamwe mpuzamakungu ONU riha gasopo bimwe mu bihugu bifise abasirikare murico gice ndetse bamwe baranirukanwa aho twovuga nk’abapolisi b’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya CONGO.

Raba Video musi yabanyagihugu bo muri  Republique Centre Africain

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply