Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umutekano mu gisagara ca Bujumbura ubandanya uhungabana ndetse n’abantu babandanya bicwa uko umusi uheze na cane cane ko hakunda kugirigwa nabi ababa bariko baravuna akanyota mu bunwero .

Inyuma y’imisi mike cane habaye igitero c’abantu batamenyekanye bishe abantu 3 mu Ngagara babasanze aho bariko barivuna akanyota ,ubu naho uwundi murwi w’abantu bitwaje ibigwanisho biraye mubanyagihugu bariko barivuna akanyota babashiragizamwo amassasu ,babiri mubaraho baca bitaba Imana.

Ibi vyabereye mu Kanyosha aho beshi bakunda kwita kukiraro bita kwa King hanasanzwe hari n’akabare kitwa King Bar ,aho haje umurwi w’abantu  wabitwaje ibigwanisho bambaye impuzu za gisirikare bagaca batangura kurasa mubantu bari mubwo bunwero.

Aba bantu bari bahejeje gukora iryo bara bakaba baciye biruka ndetse n’inzego zijejwe umutekano zikaba zahashitse bamaze kuva mw’ico kibanza.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply