Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mw’isanganya rihejeje kubera mu ntara ya Bujumbura Rural ,mu masaha  y’umugoroba igenekerezo rya 9 ndamukiza 2016  hamaze kumenyekana ko abantu bashika kuri 40 aribo bamaze kw’itaba Imana kubera iryo sanganya  ridasanzwe ry’imwe mu modoka za OTRACO(Office des transports en commun )

Iri sanganya ryabereye ku kubirometero 12(km)gusa uvuye mugisagara ca Bujumbura ,aho naho akaba ari   muri komine Isare umwe mu makomine ari muri Bujumbura Rural .

zimwe mu ma Bus ya OTRACO kw'ifoto

zimwe mu ma Bus ya OTRACO kw’ifoto

Nkuko amakuru ava ngaho abandanya abimenyesha ,imodoka yo mubwoko bwa Bus ya Otraco yariko yerekeza muri komine isare yataye Ibarabara hanyuma ica igwa mukimanga kirerekire  cegereye ishure ritoya rya Komine Isare.

Aya makuru nyene abandanya amenyesha ko abasize ubuzima muriryo sanganya ko bashobora kwiyongera kuko abakomeretse ari benshi cane kandi ko niryo sanganya ryabereye mu kibanza kibi cane ,abakomerekeye muriryo sanganya bakaba baciye bajanwa mu bitaro bitandukanye vyo mugisagara ca Bujumbura.


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply