Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murugendo amazemwo imisi mubihugu bigize umugane wa Afrika ,umwungere mukuru wa Ekereziya Gatorika bwana papa François abandanya ashikiriza ubutumwa bwamahoro bwotuma abanyafrika basubira kugira urukundo ,abantu bagasubira bagakundana bakongera bakaba umwe .

Inyuma yo guca mubihugu nka Kenya na Uganda bisanzwe biri mubigize akarere ka Afrika y’ubuseruko ,pape François umwungere mukuru wa ekereziya ya Katorika yishikiye mugihugu ca Centre Africa ,igihugu gisanzwe kirangwamwo umutekano muke n’iryane zifatiye kumadini.

Pape François ashika ngaho murico gihugu ,vyabonetse ko yahashitse bari bamunyotewe ndetse ibihumbi vyaba kristo bakaba bari baje kumwakira ,kuko ryari ribaye iryambere ashika murico gihugu.

Kuruyu wambere mugatondo itariki 30 munyonyo ,pape François yagendeye umwe mu misigiti yo ngaho muri Centre Africa usanzwe uri mumugwa mukuru wa Bangui ,ahasanzwe hanasengera abo mw’idini ryaba islam benshi cane .

Mumajambo ya pape François umwungere mukuru wa Ekereziya katorika yashikirije ahanini yisunze kuvyotuma iryane ziri hagati yaba Islam hamwe naba christ zihera ,pape François akaba yashikirije abari ngaho ijambo ryakunzwe na benshi aho yagira ati”Chretiens et Musulamns sont des Freres

Papa François akaba yabandanije asaba abanyagihugu bo mugihugu ca Centre Africa kongera kubumwe ,bakareka iryane ataho zibashikana ,ahubwo bige gukundana no guhariranira kuko arivyo bizotuma amahoro arama mugihugu cabo.

Centre Africa rero kikaba kiri mubihugu biheruka kubamwo ,ubwicanyi bukomeye aho aba christu hamwe n’abisiramu bicanye birakomera ,ariko ibintu bikaba vyajwe gucureha aho inama ijwjwe umutekano kw’isi yaciye ifatira ingingo yo kurungika abasirikare bajejwe gucunga umutekano murico gihugu kugira baje gukingira abanyagihugu.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Urukundo

Leave a Reply