Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murukino rutari rworoshe na gato rwariko rurahuza umurwi wa Valencia wari kukibuca cawo hamwe n’umurwi wa Fc Barcelona wariko urakora ibishoboka vyose kugira urare uri mukibanza cambere mu gihugu ca Espagne ,abakunzi b’umurwi wa Valencia ntibihanganiye na gato abakinyi b’umurwi wa Fc Barcelona inyuma yo kubona ko ikipe yabo iri kumwanya wa 11 mwiryo higanwa icinzwe muminota yinyongera.

Uru rukino naho rutari rworoshe kumoande zose ,umurwi wa Fc Barcelona niwo washoboye gutahukana intsinzi y’ibitsindo 3 kuri 2 vya Valencia ariko abakunzi b’umurwi wa Valencia bakaba batashoboye kwihangana inyuma yo kubona kmurwi wabo utsindiwe kukibuga cabo ,ari nako guca batangura gutera amacupa abakinyi ba Fc Barcelona

2f00cb4e00000578-0-image-a-17_1449097586249

Abakunzi b’umurwi wa Valencia bari bashavuye na cane cane ko bariko baragiriza umuhagarikizi kwariko arahengamira kuruhande rwa Fc Baecelona

Aba bakunzi ba Valencia ishavu ryabo ntiryahereye ngaho kuko baciye batangura gutera amacupa yamazi bari bafise abakinyi ba Fc Barcelona inyuma yo kubona ko umurwi wabo utsinzwe mururu rukino

Abakinyi ba Fc Barcelona batewe amacupa ,rimwe rifata umunya Bresil Neymar aca aryama hasi

Abakinyi ba Fc Barcelona batewe amacupa ,rimwe rifata umunya Bresil Neymar aca aryama hasi

Messi yari yagizwe kizigenza kururu rukino ntiyihanganiye nagato inyifato yabo bakunzi ba Valencia kuko yaciye ashaka kuja gushwana nabo ariko bagenziwe baramubuza.

14657531_1100748073355011_7639447487518738364_n

Messi yababajwe cane nivyakozwe n’abakunzi bumurwi wa Valencia ashaka kuja guterana amajambo nabo bagenziwe baramubuza

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply