Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abahuza ibitsina babisangiye bihaye amabarabara i Kinshasa baharanira ubwigenge bwabo

Mugihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ,abasanzwe bahuza ibitsina babisangiye canke bubakanye basangiye ibitsina bihaye amabarabara muntumbero yo guharanira uburenganzira bwabo.

Mugihugu ca Repuburika iharanira inwtwaro rusangi ya Congo (RDC) kumurwa mukuru w’ico gihugu ,abasanzwe bahuza ibitsina babisangiye bihaye amabarabara yico gisagara kugira basabe reta kubaha uburenganzira nkubwabandi ,na cane cane kugira babahe uburenganzira nkubwandi nko kubakana cane kubikora kumugaragaro atankomanzi.

Naho aba bihaye amabarabara ,reta Repuburika iharanira intwaro ya Congo irarahira ikarengwa ko itazopfa ibahaye ubwo burenganzira kuko ivyo bakora bidahuye nagato n’imico yico gihugu.

Tubibutse ko naho abahuje ibitsina baguma basaba ko bofatwa nkabandi bakaronka uburenganzira bwo kubikora kumugaragaro ,atagihugu nakimwe kumugabane wa Africa kiravyemerera abenegihugu baco.


Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Leave a Reply