Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abantu baharurigwa muri 34 nibo bimaze  kumenyekana kumugaragaro kwaribo bahitanwe n’ibitero vy’abihevyi mu gisagara ca Bruxelles mu gihugu c’uBubirigi mugihe abandi barenga amajana abiri (200) bakomerekejwe nivyo bitero vy’abiyahuzi.

Ibi bitero vyabaye mu masaha yo mugatondo kakare bibera  mu bice bibiri  vy’igisagara ca Bruxelles aho igitero ca mbere cabereye ku kibuga c’indege ca Zaventem .

Ibi bikaba vyatumye iki kibuga c’indege ca  Zaventem kica  cugagwa ndetse n’abantu barimwo baca barasohogwa n’abajejwe umutekano kugira abasanzwe bacunga umutekano bakingire iki kibuga c’indege kuko vyagugwa ko hashobora kuba hariho ibindi bisasu vyoba biteze murico kibuga c’indege.

Umwe mubakomerekejwe nigitero

Umwe mubakomerekejwe nigitero

 

Inyuma yiki gisasu caturikiye mu kibuga c’indege ca Zaventem ,ntihaheze igihe kinini hatabaye ikindi gitero kuko inyuma yumwanya muto cane  haciye haba ikindi gitero c’umwiyahuzi iki naco kikaba cabereye ku gituro c’amabarabara y’indarayi (train)asanzwe aca mu kuzimu ,ari  murico gisagara ca Bruxelles nyene.

Abasanzwe bakora ububisha bw’ubwiyahuzi mu bihugu bitandukanye kw’isi ntibatevye  kwiyitirira ibi bitero vyahitanye abantu barenga 30.

Abakomerekeye muribi bitero bari babuze ayo bacira nayo bamira

Abakomerekeye muribi bitero bari babuze ayo bacira nayo bamira

Babicishije  kurubuga rwabo bakunda gucishaka amakuru ,umutwe wa Islamique State wamenyesheje kwariwo wakoze ibi bitero vyabereye mu gisagara ca Bruxelles bigahitana abantu 34 bikanakomeretsa abarenga 200.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Muhira, Mumakungu, umutekano

Leave a Reply