Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abahinde basanzwe bava mu bwoko bwabahindu bijukiye kunwa amaganga (cow Urine)kurusha uko banwa amata mu ntumbero yo kwikingira ingwara hamwe no gushaka umuti murizo nkari z’inka.

Ibi vyatanguye kuja mungiro no kwitabwaho cane inyuma yumwaka wa 2014 aho Nerindra Modi yaja kubutegetsi murico gihugu gisanzwe ari kimwe mugifise abantu benshi kw’isi hamwe n’imico myishi itandukanye.

Gukoresha amaganga canke inkari zinka vyatumye aya maganga azimba cane kumugwa mukuru w’igihugu c’ubuhinde ,new Delhi ,kuko iritiro (Liter)ryaya maganga yinka rigeze kumahera 80 y’amahinde angana na 2500Fbu mugihe iritoro ryamata y’inka rigeze kuri 60 yamahinde ayo akaba yababa 1900Fbu.

Iki gikorwa rero umushikiranganji wambere w’ubuhinde bwana Nerindra Modi yagisizemwo amahera menshi cane kuko bivugwa ko mu myaka 2 gusa amaze atwara amaze gushiramwo amahera angana na Billion umunani( eight billion).

article-2538520-1a9f9d6c00000578-667_964x635

Aya maganga y’inka rero bakaba bayanwa mugihe baba bashaka kwikingira ingwara ndetse hakaba hari n’abandi bayanwa kubera ko inka murico gihugu c’ubuhinde isanzwe ifatwa nk’Imana ndetse kikaba kinazira no kuyica canke ngo uyikubite.

Raba Video musi urabe ingene umwe mubanwa aya maganga y’inka abisigura.

…………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Leave a Reply