Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mw’ijoro  ryo kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 23 ntwarante 2016  ,abagwanyi b’umutwe winyeshamba za FDLR zisanzwe zifise ibirindiro  vya gisirikare  muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ,bagavye igitero kubasirikare babanyarwanda basanzwe bafise ikirindiro mu gice ca Rubavu ahegeranye cane n’umupaka w’ico gihugu.

Nkuko amakuru ava ngaho mugice ca Rubavu abimenyesha izi nyeshamba zagavye ico  gitero zaharurigwa hagati ya 20 na 30 ,zikaba zagavye iki gitero mu masaha yiteye ahagana mu ma   sa sita y’ijoro .

Iki gitero c’izi nyeshamba za FDLR  nticari gisanzwe kuko habayeho ukurasana kumpande zose kwamaze amasaha arenga abiri ,ibi bikaba vyanatumye umwe mubagwanyi ba FDLR ahasiga ubuzima .

Uyu mugwanyi yasize ubuzima muriki gitero c’inyeshamba za FDLR  yabonetse  yambaye impuzu z’igisirikare ca Repuburika iharanira Intwaro Rusangi ya Congo ,iriko ipeta rya Sergent.

Umugwanyi wa FDLR yaguye mu kurasana kwamaze amasaha 2 hagati y'abasirikare b'uRwanda n'inyeshamba za FDLR

Umugwanyi wa FDLR yaguye mu kurasana kwamaze amasaha 2 hagati y’abasirikare b’uRwanda n’inyeshamba za FDLR

Amakuru aturuka mugisirikare c’uRwanda akaba amenyesha ko aba barwanyi ba FDLR binjiye mu Rwanda baciye mw’ishamba ry’ibirunga ku musozi wa Nyiramugwera usanzwe uherereye mu gice ca Bugeshi gisanzwe kiri muri Rubavu.

Ubwishi bwamasoro yarashwe akaba yagiye aracagagura imigano yahabereye iyo migwano

Ubwishi bwamasoro yarashwe akaba yagiye aracagagura imigano yahabereye iyo migwano

Kurundi ruhande igisirikare c’uRwanda cabandanije cemeza ko kuruhande rw’ingabo z’uRwanda atamusirikare wabo yigeze ahasiga uBuzima cankw ngwakomereke .

Iki gitero kikaba kibaye inyuma yigihe kinini kirenga icimyaka ine aba bagwanyi ba FDLR bagavye igitero ku Rwanda kuko mu mwaka wa 2012 ,izi nyeshamba za FDLR zagavye igitero mu gice ca Bugeshi na Cyanzarwe.

 

 

 


Categories: Amakuru, Mumakungu

Leave a Reply