Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Munama yawo yo kumusi wa kane igenekerezo rya 4 ruhuhuma 2016,kucicaro cabo gikuru mu gihugu ca Ethiopia ,inama y’ibihugu vy’ubumwe bwa Africa yemeje ingingo yo kurungika abakuru bibihugu bitanu batandukanye bo mu duce twose twa Africa kugira baze kugondoza Petero Nkurunziza yemere kuganira nabo batavuga rumwe bongere bamwumvishe ko hategerezwa kurungikwa ingabo za MAPROBU mu Burundi.

Ibi bishitsweko inyuma yaho umukuru w’igihugu ca Tchad ,Idriss Deby Itno asanzwe ariwe aramutswa ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa muriki kiringo amenyeshereje ko ategerezwa kurungika abakuru bibihugu bitanu ba Africa kugira baje kwumvisha Petero Nkurunziza kwemera kuganira nabo batavuga rumwe hamwe no gukora ibishoboka vyose bamwumvishe kwategerezwa kwemera ingabo z’ubumwe bwa Africa (MAPROBU)

Urutonde rwabakuru bibihugu batanu bagiye kuza mu Burundi

Urutonde rwabakuru bibihugu batanu bagiye kuza mu Burundi

Abakuru bibihugu batanu bazorungukwa n’ubumwe bwa Africa ni:

1: Mohamed Ould Abdel Aziz :Umukuru w’igihugu ca Mauritanie , azoza aserukiye Africa y’uburaruko(Région de l’Afrique du Nord)

2: Jacob Zuma :umukuru w’igihugu ca Africa yepfo  ,azoza aserukiye africa y’ubumanuko (Région de l’Afrique australe)

3:Macky Sall :umukuru w’igihugu ca Sénégal,azoza aserukiye Africa y’uburengero (Région de l’Afrique de l’Ouest)

4:Ali Bongo Ondimba:umukuru w’igihugu ca Gabon  azoza aserukiye Africa yo hagati(Région de l’Afrique centrale)

5:Hailemariam Desalegn :Umukuru w’igihugu ca Ethiopie ,azoza aserukiye Africa y’ubuseruko(Région

de l’Afrique  de l’Est).

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply