Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Intwazangabo zitatu  z’uBurundi zo kugwego rwo hejuru zari zinasanzwe   ziri mugikorwa co Kugarukana amahoro muri Centre Afrika zirukanwe n’ubumwe bw’inama ijejwe umutekano kw’isi (ONU)

Nkuko vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ,kuruhande rw’igisata cabo co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centre Afrika mu murwi wa MINUSCA ,iri shirahamwe mpuzamakungu ryamenyesheje ko cirikanye abasirikare batatu inyuma yo kuba kurutonde rwabagirizwa gukora amabi mu bwicanyi bumaze igihe bubera iBujumbura.

intwazangabo z'uBurundi

Aba batatu birukanwe akaba ari :

1-Major Pierre Niyonzima
2- Major Jimmy Rusheshe
3-Major Jean Bosco Mushimantwari

Urwandiko rwa ONU rwemeza iyirukanwa ryizi ntwaza ngabo

Urwandiko rwa ONU rwemeza iyirukanwa ryizi ntwaza ngabo

Tubibutse ko abo basirikare birukanywe inyuma yaho umuvugizi w’igisirikare c’uBurundi Gaspard Baratuza nawe yankiwe n’iri shirahamwe rya ONU kuba mu ngabo za MINUSCA  kubera nawe yagirijwe kugira uruhara mu bwicanyi bwabereye iBujumbura,Gaspard Baratuza wewe akaba atiriwe arashikayo kuko yagarukiye mu nzira ku kibuga c’indege c’iKampala mu gihugu ca Uganda.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply