Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Sentare nkuru y’uBurundi yaciriye urubanza abasirikare hamwe n’abapolisi bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 na 14 rusama 2015 .

Murabo baciriwe urubanza uyu musi ari naho sentare nkuru yafata ingingo n’igihano bahanishijwe ,abasirikare bane (4)bo kw’ipeti ryo kugwego gwa Gneral baciriwe umunyororo w’ubuzima bwabo bose ,abasoda b’ipeta rya officiers bashika icenda(9) baciriwe igipfungo cimyaka 30 bari mwibohero ,mugihe abandi basirikare bo kugwego gwo hasi bashika umunani (8)baciriwe umunyororo w’imyaka itanu ,mugihe abandi bashika ku indwi(7) bahanaguweko icaha bambikwa izera.

Muraba baciriwe umunyororo wo guherayo b’ipeta rya General  harimwo Cyrille Ndayirukiye yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi akaba ariwe yari n’uwakabiri mubashatse gutembagaza ubutegetsi ,hakabamwo na Herménégilde Nimenya, Zénon Ndabaneze na Juvénal Niyungeko.

Aba indwi bahanaguweko icaha harimwo général Prime Ngowenubusa ,colonel Jean-Bosco Daradangwa  ubu ari muzabukuru , NTAHOMEREYE Nicaise, HAGABINA Richard, FURUGUTA Pascal, NGABIRANO Deo na NIMPAGARITSE Léonidas.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply