Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igihugu ca Chine ni kimwe mu bihugu kw’isi vyasize imbere ubucuruzi bwo gusohora ibintu bija kugurishwa hanze y’igihugu cabo kugira ubutunzi bwabo n’ikigega c’igihugu cabo kigume kimeze neza atankomanzi,gusa kugira ibi babishikeko sikintu coroshe kuko usanga iki gihugu kiriko kiragwanira isoko n’ibindi bihugu kw’isi nka Inde n’ibindi bibarizwa kumugabane wa Asia.

Mw’ihangiro y’iki gihugu kizwi nkigifise abantu benshi kw’isi ,abanyagihugu baco bategerezwa gukora ibishoka vyose kugira  abanyagihugu babo baronke ivyo  bakoresha bibakwiye ndetse bongere baronke n’ibindi bisaguka kugira bijanwe   kugurisha mubindi bihugu vyo hanze yaco kugira ubutunzi bwaco bubandanye buhagaze neza.

Naho aba chinois bari mubantu bambere bakora cane kw’isi ,gushika kuriri hangiro ryabo ryo kuronka ibikwira abanyagihugu babo hamwe no kuronka ivyo baha ibindi bihugu, bisa nibitaborohera, kubera abantu kw’isi babandanya biyongera nk’umusenyi kukiyaga.

Kwiyongera kw’abantu kw’isi ibi bituma aba chinois nabo baguma baca hasi no hejuru bagahiga uburyo bwo gukora ibiribwa canke ivyambarwa bizokwira isi yose ndetse bagahiga ubuhinga bwose bushoboka bwotuma baguma bashora ibicuruzwa hanze y’igihugu kugira ubutunzi bwabo bushingiye kugushora ibintu hanze ntibuhungabane.

Gusa naho babikora hari bimwe bakora biba biri mubituma bironkera ama millioni y’amahera ariko vyonona cane ubuzima bwababa babiguze ngo babikoreshe canke ngo babifungure.

Kimwe mukintu ubu  bashitseko kigateza umutima uhagaze isi, ni umuceri wa Plastic uriko uragurishwa mu mpande nyishi z’isi ndetse abantu benshi bakawurya batabizi ko bariko bararya umuceri wa Plastic.

Umuceri wa Plastic:Uriko uravyiyumvira bisa nibidashoboka ariko aba bagabo baba Chinois bamaze gushika kuriyi ntabwe yo kukora uyu muceri ndetse kw’isi uguma ufungurwa na cane cane ko bigoye kuwutandukanya n’umuceri dusanzwe dufungura.

q

iyo wahiye ukimara kuuteka uba usa uku

Naho bisa nibiteye ubwoba n’amakenga hari uburyo bubiri bworoshe cane  bwo gupira vyukuri n’imba umuceri usanzwe ukoresha canke ufungura muhira iwawe  ko woba ari  umuceri wa Plastic.

1:Fata umuceri ucuturire n’umucanwa:Uyu muceri wa Plastic uwufashe ukawuturira ikiringo kiri hagati y’iminota 2 ni 4  n’umucanwa utigeze uwucisha mu mazi  urashobora kuzana urubeya ndetse mugihe uba uriko urasha usanga wirabura.

2:Fata umuceri uwushire mumavuta ashushe cane ari kurugero rwa  200 c degrees:Niwashira uyu muceri murayo mavuta yashushe kwurugwo rugero ,umuceri wa Plastic uzotegerezwa kuja hejuru yamavuta.

Raba Video musi isigura ibijanye n’umuceri wa Plastic

Uyu muceri wa Plastic ukaba ukundwa kuvugwa ko ukoreshwa cane mu bihugu vyegeranye n’ubu chinoi harimwo nka Indonesia ,Singapore hamwe n’ubuhinde.

Fyonda ngaha kugira ubandanye udukurikira kuri Facebook ,uze uraronka n’amakuru yacu bikworoheye cane

.


Leave a Reply