Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Aaron Ramsey umukinyi w’ ikipe ya Arsenal yo mucicaro c’ambere mugihugu c’uBwongereza,abandanya avugwako gutera imikoshi no gutuma ibihangange kw’isi vyitaba Imana buri musi iyo yatsindiye igitsindo ikipe yiwe ya Arsenal.

Aaron Ramsey asanzwe ari mubakinyi iyi ekipe ya Arsenal igenderako cane ,ndetse akaba ari numukinyi akomeye mubakinyi bo hagati mu murwi wa Arsenal.

Aaron Ramsey yakunzwe kuvugwako ko afise ikintu yisangingije na cane cane ko iyo kenshi atsindiye igitsindo umurwi wiwe wa Arsenal ,hategerezwa gupfa umuntu akomeye kw’isi .

Ibi basanzwe vyagirizwa Aaron Ramsey bakunda kubivuga bafatiye kuvyagiye bishika inyuma yaho uyu mukinyi w’ikipe ya Arsenal yaba atsinze igitego.

Kuruyu wa Gatatu itariki 13 nzero 2016 mugihe ikipe yiwe  Arsenal yariko iratana mu mitwe n’umurwi wa Liverpool ,uyu mukinyi yongeye gutsinda igitsindo canabaye igitsindo ca gatatu ca Arsenal murugwo rukino,ariko inyuma yico gitsindo ca Aaron Ramsey  ibimenyesha makuru kw’isi yose vyaciye bitangura gutangaza ko a abantu bivyamamare bashika kuri 3 bitavye Imana inyuma yamasaha make cane.

>Inyuma yiki gitsindo ca Aaron Ramsey ivyamamare bikurikira vyaciye vyitaba Imana:

1:Rene angelil ,umugabo wa Celine Dion yaciye yitaba Imana

2:alan richman  umukinyi akomeye wamaresi nawe yaciye apfa inyuma yamasaha 14hr gusa.

3:David Bowie umwe mubaririmvyi bari bakomeye mugihugu c’ubwongereza.

Kuva Ramsey Aaron atangura gukina mu murwi wa Arsenal yagiye ahura n’imvune nyishi cane ariko iyo arose amahigwe yo kugaruka mu kibuga agatsinda igitsindo kenshi haheze akanya hatangazwa umuntu wigihangange kw’isi  yitwavye Imana.

Aba benshi rero bakaba bakunze kuvuga ko uyu mukinyi wa Arsenal ashobora kuba atera imikoshi ivyamamare kw’isi canke ibihangange kw’isi mugihe abandi batavyemeza ahubwo bavuga ko umusi wabo uba wageze.

Raba urutonde rwabamaze kuvugwa ko bitavye Imana inyuma y’ibitego vya Aaron Ramsey

 

Urutonde rwabagiye barapfa mugihe Aaron Ramsey yaba ahejeje gutsinda

Urutonde rwabagiye barapfa mugihe Aaron Ramsey yaba ahejeje gutsinda

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply