Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abasore babarundi bashika kuri 43 berekanwe imbere y’abamenyesha makuru mugihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ,abo bose kwari 43 bakaba bafashwe mugihe bashaka kwinjira mu Burundi ngo baze mugikorwa co kugaba ibitero vya gisirikare mu Burundi.

Nkuko vyatangajwe na Gustave Bahati ,General w’ikambi ya gisirikare ijejwe kurwanya imitwe ya gisirikare muriRDC  kuruhande kuruhande rwa Sud Kivu,Gustave Bahati yatangaje ko  aba basore  babarundi bashika kuri 43 bafashwe hagati y’itariki 24-8 -2015 gushika 11-1-2016 ndetse benshi bafatwa bafise n’indangamuntu z’igihugu ca RDC ariko ngo badashobora kuvuga ururimi narumwe ruvugwa ngaho muri RDC.

12509660_937985746296930_232680497483677082_n

General Gustave Bahati yabandanije atangaza ko benshi murabo bafashwe kavuga ko bakoreye imyimenyerezo ya gisirikare mugihugu c’uRwanda kandi kobashaka kwinjira mu Burundi baciye kubutaka bwa RDC.

Elysée Mundembwe umwe mubashingamateka batowe murico gice cafatiwemwo abo bagwanyi yabwiye ikinyamakuru AFP ko abanyagihugu aserukira ko batewe impungenge n’abo basirikare kuko batinya ko muri Sud Kivu hokwongera kwaduka ingwano nkizari zihamaze imisi mu myaka yahera.

934110_937985496296955_2906371505788085991_n

Uburasira zuba bwa RDC na cane cane muburaruko bwa Kivu no mubumanuko bwa Kivu hakunzwe kurangwa imirwi yabarwanyi ndetse akaba ariho n’umurwi wa M23 wahoze ugwanira mu myaka dusize inyuma.

…………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Mumakungu, Politic

Leave a Reply