Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

3 mu bari bashatse kugandagura general Christophe Manirambona bahejeje gusiga agatwe mugitero kibereye iBujumbura.

Nkuko benshi bazindutse baravyumva hazindutse haravuga  urwamo rw’amasasu menshi hamwe n’ibikoho binini binini mugisagara ca Bujumbura ,aho ivyo bikoho vyariko biravugira muri zone Bwiza ,ahegereye station King stars .

Inyuma yico gitero igipolisi c’uBurundi  cihuse guitangaza ko murico gitero co mu gitondo  hishwe abantu 3 mubari bafise umugambi wo kugandagura umukuru w’ibiro vy’umurwi udasanzwe mu gipolisi (Unites speciales) ,uyu  nawe yagira agandagurwe akaba asanzwe azwi nka general Christophe Manirambona .
Abashatse kwica general Manirambona  rero bakaba baciye barasirwa imbere ya King stars station ndetse n’ibirwanisho bari bafise bikaba vyaciye   birafatwa .

Nkuko igipolisi cabandanije kibimenyesha aba bari baje kwica iyi ntwazangabo yo kugwego rwo hejuru bari baje biyambitse impuzu zo mugipolisi kijejwe gucungera umutekano w’umukuru w’igihugu bwana Pierre Nkurunziza.

Raba hasi amafoto y’ibirwanisho vyabo bafashwe n’imodoka bariko barakoresha.

12304063_513152188867775_4544471650396214936_o 12314278_513152178867776_9052323206502421515_o

Aba bari bashaka gukora iri bara bakaba bari basanzwe bambaye izindi mpuzu musi nkuko mubibona kw’ifoto kugira bahejeje gukora iryo bara baze kuca bazikura basigare ari abanyagihugu mu bandi.

12307380_513152218867772_87136160782991578_o


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply